STORY TELLING SUR LA DIGITALISATION ET L'EMPLOYABILITE

UBUHINGA BWA NONE, AKARYO KO KWITEZA IMBERE KU RWARUKA|#LaNova « Ubuhinga bwa none, urufatiro rwo gutanga akazi no guhindura amahirwe y’ubuzi muri kazoza mu Burundi » , nico kiganiro catunanijwe n’ikigo #KITHUB kuri uyu wa 05 Ruheshi. Biragaragara ko mu kinjana ca 21, ubuhinga bwa none buriko burafata iyambere mu guhindura imibereho abantu bahayeho, bakora canke biyumvira. Umuntu agomba kurondera akazi canke gutanga akazi, ategerezwa kujana n’ibihe, akamenya ivy’ubuhinga bwa none, agafatira no kubiharuro dufise. Bimenyeshwa na Bienvenu Irakoze, arongiye Setic Burundi , Ikigo kijejwe gushira mungiro politike ya Reta iraba ibijanye n'ubuhinga bwa none akaba ari nawe yaremesheje ico kiganiro. Nk'uko abandanya abivuga, uyu munsi ibiharuro vyerekana ko abarundi barenga imiriyoni 11. Mu 2050, ivyo biharuro nyene vyerekana ko abarundi bazoba barenga imiriyoni 25. Muri afrika, ibice 40 kw’ijana barakoresha ubuhinga bwa none, mu myaka 10 iri imbere, hipfuzwa ko abanyafrika ibice 75 bazoba bakoresha buhinga bwa none ( interconnectés) . Ivyo bikazotuma habaho ayandi mahirwe yo gutanga ubuzi bugera ku miriyoni 44, ibizotuma haboneka amafaranga agera ku miroyaridi 118 z’ama dorari ya Amerika. Kubwa Bienvenu Irakoze, Ivyo rero ngo vyerekana ko ico gisata c’ubuhinga bwa none kirimwo amahirwe menshi kuko kirimwo umuvuduko mwinshi kandi kigatanga n’uburyo bw'amafaranga mu mwanya muto.